FNL ishami rya Jacque bigirimana amenyesha ko mu matora bamwivye amajwi.

0

11655313_900140636726354_211624261_n

Umugambwe Fnl wemewe n’intwaro yo hagati mu gihugu utwarwa na Jacque Bigirimana umenyesha ko hari ubusuma buriko buribonekeza muri ino misi inyuma y’amatora y’abajenama b’ama komine hamwe n’abashingamateka.

Uwo mugambwe umenyesha ko amajwi ariko arashikirizwa ku nsamirizi n’imboneshakure atariyo nagato kuko abawuserukiye mu matora atariyo babonye ku vyegeranyo kandi banateyeko igikumu. Akabandanya amenyesha ko mu mice itandukanye yabereyemwo ayo matora umugambwe wiwe FNL wari imbere ya UPRONA hamwe n’ihuriro COPA.

Jacques Bigirimana agasaba abasanzwe bari muri uwo murwi CENI gukosora ayo amakosa yo muri zizo nyandiko bashize ahabona. Ariko naho biruko aremeza ko amatora yagenze neza cane.