Abapfiriye mu mirwano yabereye mu Cibitoke ca Bujumbura ni…

0

Ibinyamakuru mpuzamakungu bivuga ko vyabwiwe n’abasanzwe bavugira igipolice ko ari batanu mu gihe abandi bavuga ko ari abarenga bitabiye imana mumirwano yabereye i Bujumbura neza neza mu cibitoke imwe muma quartier yavuyemwo aabntu benshi biyamamaje mu gihe co kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza.

Muri iyo mirwano amakuru dukesha bagenzi bacu bari mu cibitoke nuko abantu batari bake bahapfiriye harimwo n’aba Police b’igihugu barenga batanu kuko batashoboye gutwarwa mu modoka imwe. Ayo makuru nyeneabandanya avuga ko hari n’umuryango barasiye mu nzu ukahereramwo.

Ivyo biri uko mu gihe igi polisi co kivuga ko hapfuye aba rebeli batanu n’aba Polisi bane gusa nkuko ikinyamakuru Jeune Afrique kibivuga. Kikabandanya kinamenyesha ko abamenyeshamakuru batigeze bashika mu cibitoke kuko babankiye kwinjira ngo barabe ibiriko birabera muri iyo quartier. Abavugira igi police bakamenyesha ko igikorwa barimwo cari ico gusaka ibirwanisho.

Mwomenya ko ico gikorwa cabaye mu gihe abarundi uno musi bari baramutse bibuka umusi w’ukwikukira abanru bamwe bamwe bavuga ko utabaye neza. Bibaye kand mu gihe abarundi n’amakuru barindiriye ibizova mu guharura kw’ivyavuye mu matora y’abajenama b’ama komine yabaye ku mus iwa mbere, akaba abarundi n’amakungu babitera ivyatsi.