UBM News ads

Evariste NDAYISHIMIYE umukunzi w’umugwi Chelsea wo mu bwongereza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yikugwa ryabashikiranganji babiri no gusubiriza uwitavye Imana, benshi bariko barabona ko NDAYISHIMIYE Evariste leta yiwe ashaka kuyitwara nk’uko umugwi w’umupira wa maguru Chelsea utwawe.

Aho uwo mugwi umaze kwirukana abamenyereza 2 muri irihiganwa rya 2025_2026, bose ibagiriza umusaruro muke,aho benshi bagiye barabakosora bikomeye,abarundi bakurikirana inkino bagereranya umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE nabatwara uwo mugw. Nk’ubushikiranganji bw’inyubako Evariste NDAYISHIMIYE amaze gukura abashikiranganji 2 ubu buramutswa uwagatatu mu kiringo c’amezi 8.

Benshi babona ko Evariste NDAYISHIMIYE yogereranywa n’abo bagabo bo batihanginira Abo bakozi babo cane cane ko kenshi Abo bakozi babazana babanje gushishoza.

Mbega abashikiranganji banigwa kubera iki ? Ni kuba Evariste NDAYISHIMIYE canke Hari uwundi abananiza canke yoba aribo bashoboye akazi. Mubisanzwe akazi kubishiranganji ni mu bibanza vya politike,bisaba uburambe mu ntwaro. Birasaba ko uba Hari igice c’ibintu na gito uba umaze kuronswa ukabitunganya hama bakakuduza bukebuke n’ubundi ugatunganya ibindi mpaka kubushikiranganji.

Ariko aho Neva bimugorera si ahandi atwaza amarangamutima , nk’ubwo bushikiranganji yagiye abuha abantu batatwaye ibisata bafata ingingo ya nyuma kandi bageze aho barananirwa. Ego birakorwa ngo ni kugabanya inguvu vya bihangange ariko uba wihenze. Niwaba uje ataho urigeza amahera arakugerageza. Igihe woba uje naho utarabona vyinshi utegwa imyereko myinshi.

Rero Evariste NDAYISHIMIYE gukura abashikiranganji nk’uwirukana umukozi wo mu nzu nahonyene mu Burundi nawe biza kumwerekana nk’umuntu mugushiraho Abo bantu ataba yashishoje uburemere aba ahaye abo bantu.

Benshi bihera iginyo bavuga bati niyo mpamvu igihugu akigejeje habi ko ingingo ziwe zose azifata adashishoje . Ubu rero benshi kubera ubwoba baza nuwarafise ivyo ashoboye agira ubwoba ko yokurwa.

Abandi bati yaba nawene Hari uwari hejuru yiwe amukura canke hamwe yoreka abanyagihugu bakavuga,nta n’isegonda yomara Ku butegetsi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments