UBM News ads

Inaburundi yaraye abaye BURUNDI, abakozi ba leta baba abana batazi iyo baja niyo bava

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu birori vyo gihimbaza umunsi wahariwe abakozi n’akazi , umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yaraye aranzwe n’amajambo atari make abantu n’ubu baciyumvirako ,mbere abenshi bavuga bati Evariste NDAYISHIMIYE nyuma yokwemezwa nk’umukandida wa CNDD-FDD ubu ntaco agitinya.

Ejo yahaye ubushimwe abantu batandatu batanu baserukiye igihugu cose mbere nk’uwo muri Butanyerera we Evariste NDAYISHIMIYE yaremanze ko ari umuhutu wiwe ko uwo mwenegihugu yaragabiye umukuru w’igihugu. Ubwo rero Evariste NDAYISHIMIYE aremanga ko ari umuhutu wuwitwa Mariko patazira Posheni wo muri Butanyerera.

Uwo Mariko arazwi nkuwegereye ubutegetsi cane Ku ntwaro zose zagiye zirahinduka kuva CNDD-FDD itanguye kurongora igihugu. Ku mukuru w’igihugu Nkurunziza ho Hari arengeye ico kintu ko ho Yari umubitsi w’amafaranga mva makungu ya Nkurunziza.

Aho hose NDAYISHIMIYE ahejeje guha Abo bantu baserukiye intara Niko guha agashimwe mukenyezi wiwe mbere avaho amwise ko ari Uburundi. Ico yanamuhaye nuko yamuhaye imodoka ruseha abaniha nkagashimwe. Ikirenze aho , aremeza ko barundi cane cane abari mugisagara ca Bujumbura bomuviraho ko nibo bidodomba abandi barundi bo babayeho neza kiretse abari muri ca gisagara ca Bujumbura gitemba amabi n’ameza nk’uko NDAYISHIMIYE abivuga . ikibazo c’ibitoro Evariste NDAYISHIMIYE ati none ko zigenda zinywa Dama( amazi ) ngo abarundi barakwiye gushima ico bafise mbere bakamuha amahoro ntibagume bifata rwana nk’uko abana bibaza ngo se aratunze kandi adatunze

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments