Nta rubanza rubura umuvumvyi, n’i Gitega Niko vyagenze. Hari ubwoko butatu bw’abavumvyi mw’ikoraniro kaminuza rya CNDD-FDD.

Umugwi warugizwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu imbere Hari umutambukanyi wiwe. Aba barafise inyungu bwabo bwite ko umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yatowe ngo abandanye kugira akingire ivyo baronse mbere haboneke n’ibindi. Kugenda kwiwe nibo Bambere bari guhungabana.
Abanyepolitike baronse uburaro n’uburamuko Ku ntwaro ya NDAYISHIMIYE. Aba bari bahagarariwe n’icegera c’umukuru w’igihugu BAZOMBANZA. Hari abanyepolitike NDAYISHIMIYE yahaye haba mu mugambwe canke hanze yawo bamwivuga agiye boba bagize ingorane.
Abagwizatunga bo bama bari hafi kugira bamenye ihindagurika ry’intwaro. Aba ni nka ZIRANOTSE n’abandi bama bashigikira intwaro cane cane umugambwe uri kubutegetsi.Aba ntiberekana cane ko ari abanyamugambwe bakunda kuvyerekana kuntererano batanga mu mugambwe.
Abanyagihugu bato bo bama batega umutwe nkabamobwa bo bakenera uwoza wese abaha iteka n’itekane.





Recent Comments