UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Evariste Ndayishimiye akwiye kuva mugacerere agahoza abarundi bari guhura n’ibiza mu gihugu-Libérat Ntibashirakandi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’umuhari nkundagihugu “MAP-Burundi buhire” Libérat Ntibashirakandi atera akamo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuva mugacerere agahoza abarundi bari guhura n’ibiza vy’imyizurira n’isiduka ry’imisozi.Libérat ntibashirakandi asaba kandi Leta y’uburundi kwitaho biboneka no kugarukira kuri abo barundi bari mukangaratete.


Libérat Ntibashirakandi agira ati:«umuhari Map Burundi buhire warituwe n’abarundi badusaba kubafasha gutabariza niko gutera akamo abarundi bose baba mu Burundi canke mu mahanga kugira umwe wese atange ico ashoboye kugira bene wacu baronke aho bakika umusaya n’ico bafungura bashobore kwivuza abana baronswe amashure.Turasavye amashirahamwe akorera mu Burundi n’abihebeye Imana ko botuganya isekeza ryo gutoza infashanyo bayishikirize abo bari mu kaga umukuru w’igihugu akwiye kuva mugacerere agahoza ababuze ibintu vyabo vyononekaye n’ababo bahasize ubuzima.Leta yiwe itange vyihuta uburyo bukwiye bwo gufasha abasinzikajwe n’izo mpanuka z’umwuzurira n’imisozi yirirwa irabomoka.Map Burundi urahojeje abo bose babuze ababo n’abo bose bari mumaganya atagira uko angana bihangane bigumye naho bari mu ngorane z’agahomera bunwa».

Igihugu c’uburundi kimaze imisi gihura n’ibiza bitandukanye muri bimwe hibonekeza iduga ry’amazi y’ikiyaga ca Tanganyika.ibice bibangamiwe akaba ari Kajaga,Nyabugete,kibenga,kinindo na gatumba.

Hambavu y’imyizurira hibonekeza isenyuka ry’imisozi aho mu ndwi iheze igenekerezo rya 19 ndamukiza 2024 muri komine Muhuta ku musozi Gabaniro umusozi wasenyutse ugahitana abantu batari bake,amazu n’ibindi vyinshi hamwe n’amazu y’ishirahamwe Kirasa energy ryariko rirubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi kirasa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments