UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Afrika y’epfo:Abarundi bashika 12 baramaze kwicwa guhera muri ntwarante 2024

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bashika 12 baramaze kugandagurwa muri Afrika y’epfo n’abantu bataramenyekana guhera muri ntwarante 2024,abagandagurwa n’abarundi basanzwe bakorera mu maduka.Abarundi baba muri Afrika y’Epfo barababazwa n’agacerere k’uwuserukira uburundi muri Afrika y’epfo kuri ubwo bwicanyi.


Kubwo amakuru dukesha I radiyo inzamba agateka kawe,ubwicanyi buriko buhitana abarundi baba muri Afrika y’Epfo bwatanguye inyuma y’igandagurwa ry’umunyetiopiya yakoresha mw’iduka umurundi mu kwezi kwa ntwarante,uwo murundi yaciye ahagarikwa inyuma y’imisi mike abarundi 2 barishwe barashwe n’abantu bakekwa kuba ari abanya Etiyopiyabariko barihora.

Ubwo bwicanyi bwarabandanije no muri kuno kwezi kwa ndamukiza aho abarundi bashika 12 bamaze kugandagurwa kandi bose bakaba bakorera mu maduka nkuko vyemezwa n’umwe mu barundi bari muri Afrika y’Epfo.uwo murundi yagize ati:«intandaro ya vyose yavuye kumurundi yakorera umunya Etiyopiya yishwe akererwe bikavurwa ko yoba yishwe na bagenzi biwe ariko baca babeshera abarundi ngo nibo bamwishe.uwo murundi yamukorera amaze kubibona yaciye agira ubwoba arahunga baca baramufata abanya Etiyopiya baca bashaka kwihora bica abarundi 2.igitangaje rero muri ino misi iduka yose irimwo umurundi nta musi wijana utumvise umurundi yapfuye bikaba bivurwa ko abanya Etiyopiya boba bariko barihora.»

Abo barundi bari muri Afrika y’Epfo barasaba ko ubuserukizi bw’uburundi muri Afrika y’epfo ko bwogira ico bukoze kugira buhagarike ubwo bwicanyi buriko bukorerwa abo Barundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments