UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe Cndd-Fdd uri gukumira abandi ngo ntibazoje mu matora ya 2025-Gabriel Banzawitonde

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye umugambwe APDR Gabriel Banzawitonde avuga ko naho umugambwe CNDD-FDD uri gukumira bamwe ngo ntibazoje mu matora ya 2025 bishobora guha amahirwe abakumiriwe bose yo kuja kamwe bakagira inguvu hama bikazanira ibibazo uwabakumiriye, kubwiwe ngo birababaje kubona umugambwe Cndd-Fdd wagiye kurwana kugira uhabuze democrasi ariko ivyo warwaniye ntubikorere abarundi, abona ko bisa nk’ukubahemukira.ibi yabivugiye mu kiganiro ku nama gica kuri radiyo isanganiro.


Gabriel banzawitonde avuga ko amatora ya 2025 biboneka ko hibonekeza ikumirwa rya bamwe muri politike kugira ntibazokwitabire ayo matora kugeza no kungwati isabwa kubitoza yadugijwe.
Gabriel agira ati:«iyo ugiye ku rugamba rwo guhindura ibintu hama nawe ugaca ushikirwa ntuhindure ivyo wagiye kurwanira rimwe rimwe uba uriko urahemukira abarundi kuko umugambwe uri kubutegetsi wagiye kurwana uhabuza democrasi,Ndadaye mu 1993 kugira aronke umuliyoni wasabwa kugira yitoze abanyamugambwe bose barakoranye kugira aboneke.rero umugambwe Cndd-Fdd wibaza ko uriko urakumira bamwe ariko uba uriko ubaha amahirwe yo kuja hamwe bakagira inguvu maze uwabakumiriye akagira ibibazo.»

Uwo arongoye umugambwe APDR avuga ko irya ngwati isabwa ari amananiza kuko kubwiwe nk’abitoza mu makomine basabwa ingwati ya 200.000 mu gihe ata mushahara baheza ngo bahembwe muri komine.

Gabriel Banzawitonde abandanya avuga ko mw’itegeko rishasha rigenga amatora ryemejwe n’inama nshingamateka,abamenyeshamakuru ata burenganzira bafise bwo gutangaza ivyavuye mu matora kiretse umurwi CENI ujejwe amatora.agira ati:«nko kubona abitoza mu nama mpanuzwajambo z’amakomine basabwa ibihumbi 200.000 kandi badahembwa wumva boshobora kuyatanga?mwarabonye ivyabaye muri Senegal amatora agihera ibimenyeshamakuru nivyo vyabaye ivyambere gutanganza ivyavuye mu matora mbere n’umukuru w’igihugu yahahora aca abifatirako akeza uwatsinze n’umurwi ujejwe amatora utarabitangaza.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments