Abahoze ku rugamba bagiye kuzoza baronswa akazi mu nzego z-umutekano hamwe n-izo kwivuna abansi.

0

Uwahoze ku rugamba arashobora kuronswa akazi mu nzego z-umutekano hamwe n-izo kwivuna abansi harabwe ivyo ashoboye , ariko akitwa umu ˮcivil‟. Biri mu ngingo zigize itegeko riheruka guterwako umukono n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ryo kuwa 18 Munyonyo 2021.Semaine dédiée aux combattants : le CNDD-FDD multiplie des collectes  forcées à Rumonge - SOS Médias Burundi

Muri iryo tegeko, baravuga kandi ko Leta ironsa uwahoze ku rugamba imfungurwa ikongera ikanamuvuza . Abahurikiye mu mashirahamwe canke amakoperative  yabo yo kwiteza imbere ngo nabone barashobora gufatwa mu mugongo na Leta canke abandi.

Mugihe mw-iy-indwi yaraye irangiye ariho mu mugambwe CNDD-FDD hahimbazwa indwi yahariwe umurwanyi , Bamwe n-abandi babona ko iryo tegeko ry-umukuru w-igihugu  ririmwo ibinyegezwa vyinshi. Aha bakavuga ko Perezida Ndayishimiye yoba yashatse  kurondera aho acisha mu  guteza imbere abarurwanye bo muri CNDD-FDD igihe wari ukiri umuhari warwana. Ni mu gihe abahoze ku rugamba baturuka mw-uwo muhari, ubu uri umugambwe bama bidoze ko ataco bigeze bafashwa kiboneka kandi vyitwa ko umuhari barwaniye ariwo ubu uramutswa igihugu.