Eddy Kamoso agiye gukorera BTN radio

0

Umuririmvyi akongera akaba umumenyeshamakuru Eddy Kamoso agiye gusubira kwumvikana agirisha ikiganiro Inanga ya Dawidi,ikiganiro yahora agirisha ku nsamirizi ya rema fm yo ngaha mu gihugu c’uburundi
Eddy kamoso
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Eddy kamoso akaba yamenyesheje ko vuba agiye gusubira kandi kwumvikana mu biganiro Inanga ya Dawidi hamwe n’ikindi citwa Imbaraga yo guhimbaza,Eddy Kamoso akaba yanditse ati:
Bene Data ndashaka kubamenyeshako vuba bidatinze tugiye kubana mu bihe byiza byo kuba mu mababa y’Imana ,kwikubita imbere y’intebe y’Imana mu biganiro byababereye umugisha .INANGA YA DAWIDI N’ikindi kitwa IMBARAGA MU GUHIMBAZA ,Ni kuri BTN .Urukumbuzi ndabafitiye birashobora gutuma ku munsi wambere mbur’ivyo mvuga kubera Emotions .ariko hamwe n’Imana byose birashoboka Halleluiaaaaaaa?ndabakuuuuuuuuuuunda RWANDA -BURUNDI-KENYA-SOUTH SOUDAN-TANZANIA Itegure BTN Ije gukosora
kamoso
Tworangiza tubamenyesha ko Eddy kamoso asanzwe ndetse azonaserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa ya kora music awards