Intamba mu rugamba washitse amahoro ku kibuga c’indege ca Bujumbura

0

Nyuma yaho umugwi nserukra gihugu w’uburundi intamba mu rugamba utsindiye umugwi nserukira gihugu wa namibie iwabo ibitsindo 3-1 mu rukino rwabaye kuruyu wa kabiri w’ino ndwi turimwo,uyo mugwi nserukira gihugu w’uburundi wagarutse mu gihugu kuruyu wa kane mu masaha yo ku mugoroba.
intamba
Nkuko amakuru ikinyamakuru cacu inkino dukesha umunyegori wuyo mugwi nserukira gihugu w’uburundi ariwe Arakaza Mac Arthur akaba yatumenyesheje ko intamba mu rugamba washitse amahoro ku kibuga c’indege ca bujumbura aho bari baje bavuye mu gihugu ca Namibie aho bari bagiye gukina urukino rwo gusubiriza n’umugwi nserukira gihugu w’ ico gihugu ca Namibie,urukino rwabaye kuruyu wa kabiri aho umugwi nserukira gihugu w’uburundi washoboye gutahana amanota atatu kuko washoboye gustindira uyo mugwi iwabo ibitsindo3-1,mu gihe uyo mugwi nserukira gihugu wa Namibie nawo nyene wari wadutsindiye ngaha iwacu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ku bitsindo 3-1 nyene mu rukino rwabaye kuwa gatandatu w’indwi iheze.

Tworangiza tubamenyesha ko intamba mu rugamba usangiye itsinda n’umugwi wa Namibie,Niger hamwe na Senegal