UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC: Leta yagiriza M23 kuba iriko ishaka gutera maze ifate umuji wa Goma.

UBM News ads

Leta ya Congo yaragirije kuri uyu wa gatanu umuhari M23 ko uriko ukomeza ibirindiro vyawo kugira utere umuji wa Goma, usanzwe ari umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko. Bikaba vyatanganjwe n’uwuhagarariye umuvugizi wa Leta ya Congo, Augustin Kibassa mu nama idasanzwe y’abashikiranganji yabaye mu ndwi iheze.

“Ikibazo c’umutekano kiriko kirangwa n’ikomezwa ry’ibirindiro na M23 irikumwe n’igisirikare c’urwanda RDF mugutegekanya gukora igitero nsindamusiga gifise intumbero yemejwe n’amasoko yacu, gufata umuji wa Goma” Niko Kibassa yatanze ubwo butumwa aburira igihugu.

Umuhari M23 ntaco uragira ico uvuze kwayo makuru yatangajwe na Leta ya Congo. gusa biravurwa ko na Leta ya Congo iriko yitegurira kurwanya bikomeye uwo muhari, ivyo bikabonekera mu ngendo zitandukanye umukuru w’igihugu ca Congo Felix Tshisekedi aguma agira mu bindi bihugu vyo kw’isi asaba ubufasha bwa diporomasi hamwe n’’ibirwanisho bigezweho vyogutuza uwo muhari.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments