UBM News ads

REVERIEN NDIKURIYO YARAROKOTSE URUPFU ariko ibiri imbere birakomeye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

KUBA REVERIEN NDIKURIYO YARAROKOTSE URUPFU HARICO BIGIYE GUHINDURA MURI CNDD FDD?
Twarababwiye ko Reverien asanzwe afise Abantu bamukunda muri CNDD FDD kandi benshi cane,
Ntibamukunda ngo nuko aciye ubwenge cane,canke ngo nuko ari Intwari mw’Iterambere ,OYA!

Reverien nawe ari mu bantu bake baba CNDD FDD bapfukamye igihugu mu nda! Bafise amatungo atako angana mu Gihugu gikenye nkico! Ayo matungo bayakuye hehe??
Igikundiro ca Reverien rero Aho kiva si ahandi:
1.Kuba ariwe asigaye nk’Ijisho rya Nkurunziza muri Leta ya NEVA,
2.Imvugo ziwe zo kwikakisha,bikerekana ko arinda cane kandi akaba ari mu bantu kwica umuntu ataco bimutwaye!
Muri make nanje ubwanje nta Rupfu nifurije Reverien kuko Abantu bahagarara nka Reverien baracakenewe muri co Gihugu!
Umugabo avuga ijambo akarishira mu ngiro,
Reverien rero nubwo ataco yamariye akarere akomokamwo(Makamba) ariko Abantu benshi bava murako ka rero bari mumubabaro nta ngere igihe yaratwaye,ugaca ushirako n’abandi bakiyoboka Nkurunziza muri CNDD FDD.

Intara zose zo mu bumanuko bw’Igihugu(MAKAMBA,RUMONGE,BURURI,RUTANA) zisa niza kumiriwe mu ntwaro,nta wundi muntu akomeye wo hejuru ahari ava muri ako karere atari Reverien Ndikuriyo we nyene!
Nukuvuga iyo apfa ako karere ivyako vyari kuba birangiye!

Ico rero ni ikibazo kiri muri CNDD FDD,ikibazo c’amacakubiri y’Intara! Kandi ni kuva kera bakiri ku Rugamba! Abantu benshi bava muri ubwo burere bari mu Rugamba barishwe bakubitwa ubufuni Mumutwe bazira intara zabo!
Muri Politique,ikira rya Reverien ntaco rizohindura,gusa kandi nawe ubwiwe arabiziko asa nuwananiranye kugira bamushingure mumabanga arimwo,ubwo rero nico gituma mubona hageragezwa ubundi buryo kugira bikunde aveho!
Reverien yagomvye kenshi kuduza umutwe,ariko NEVA yarawuhonze awusubiza hasi!

Ubwo bivuze ko nta kintu Reverien agishoboye gukora uruhande rwa NEVA rutabanje kucemeza!
Abategetsi bose bavuga rikijana,bose barasubijwe hasi!
Umushikaranganji wa mbere muracamwumva? Mengo ntanubwo abaho!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments