Paul Kagame avuga ko adashobora kwemera abo yise ama bandi y’abanyamadini kwica imico y’abanyarwanda.akaba yavuze ko yiteguye guhangana n’abarongoye
amasengero aheruka kugarwa mu gihe batokwitonda ngo bace bugufi.

Mumasengesho ngaruka mwaka yo gusengera igihugu c’urwanda yabereye muri Kigali convention Centre yiswe National Prayer breakfast,Paul Kagame yaragarutse cane kukibazo c’amasengero aheruka kugarwa.
Paul Kagame yasavye abarongoye amasengero aheruka kugarwa kubera adakurikije ibisabwa n’amategeko kwitonda cane canke bahangana.paul Kagame yamenyesheje ko yitegute guhangana nabo.
Paul Kagame avuga ko adashobora kwemera abo yise ama bandi bikika muvyo Imana bakaza gusahura abanyagihugu.
Yagize ati “Ntidushobora kwemera kwemera abaza guhindura societe nyarwanda.abanyarwanda twaragaraguwe bihagije.none twemere amabandi abayobore turorera?”
Urwanda rukaba ruherutse gupfunga amasengero arenga ibihumbi munani(8000)zidakwije ibisabwa n’amategeko.





Recent Comments