Domitien Ndayizeye yagenwe kurongora abacungera amatora muri Burkina Faso

0

Inyuma yaho uwahoze arongoye Uburundi Prezida Sylvestre Ntibantunganya agiye gucungera amatora mu gihugu ca Tanzaniya, uwahoze arongoye Uburundi nawe Prezida Domitien Ndayizeye yagenywe kuja kurongora abazocungera amatora bavuye mu muryango w’ibihugu bivuga igifaransa OIF mu gihugu ca Burkina Faso.

Mwomenya kuwahoze arongoye Uburundi Prezida Pierre Buyoya nawe aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu bihugu vya Sahel na Mali. Ariko akaba murikino gihe adashobora kuza mu gihugu c’Uburundi kuko yoca atabwa muri yompi yagirizwa urupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye n’abarundi isinzi baciye bicwa batazi ico bakoze.