Amaradiyo yaturiwe avugira hanze yarasabwe guhindura ingene akora

0

Ivyo nibishikirizwa na benshi mu makuru ava mubakorera ayo maradiyo akorera mu karere ko mu biyaga binini. Ayo maradiyo akaba akoreramwo abamenyeshamakuru bahunze Uburundi bivuye ku kiringo ca gatatu ca Prezida Petero Nkurunziza n’imyiyerekano yahavuye yaduka.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yahavuye itosekara cane kuko Urwanda rwakiriye impunzi zitari zike harimwo n’abanyepolitike, abamenyeshamakuru n’abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Leta y’Uburundi yaciye isaba Leta y’Urwanda gutanga azo mpunzi ariko Leta y’Urwanda ikavuga ko izo mpunzi zigengwa n’amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.

Muri kino gihe haciye imyaka itanu habaye iyo myiyerekano hakaza n’umukuru w’igihugu mushasha m’Uburundi ayo maleta abiri arifuza gusubira kugira imigenderanire myiza akaba ariko arabifashamwo n’ibihugu vyo mu karere.

Ayo ma Leta abiri akaba afise yose ivyo asaba kugira iyo migenderanire isubire inaguke harimwo kureka gukorana n’imirwi ihungabanya umutekano. Leta y’Uburundi igashima ko abarwanyi ba Red Tabara bafashwe na Leta y’Urwanda nayo igasaba ko Leta y’Uburundi yoreka gukorana n’Interahamwe niyindi mirwi irwanya Leta y’Urwanda. Amakuru ava mubakurikiranye inama yahuje abakuru b’ibihugu bari mu muryango wa CIGL akavuga ko Leta y’Uburundi yasavye ko amaradiyo asamirana mu gihugu c’Urwanda yahagarika ibikorwa vyayo. Leta y’Urwanda ikaba yarabwiye abatwara ayo maradiyo ko yogabanya gutora amakosa Leta y’Uburundi, Leta y’Urwanda nayo ikaba irindiriye ivyo yasavye Leta y’Uburundi ko bikorwa nkuko amakuru abandanya abivuga.

Benshi bakabona ko kuronka amakuru yimpande zose bigiye kugorana.