2Gb wo mu gihugu ca Kenya agiye gukorana indirimbo n’ umuririmvyi w’umurundi

0

Umuririmvyikazi w’umunya kenya ariwe 2gb yoba agiye gukorana n’umwe mu baririmvyi ba hano mu gihugu c’uburundi nkuko yabimenyesheje ikinyamakuru canyu ubmnews
Mu kiganiro uyo mwigeme w’umuririmvyikazi yagiranye n’umumenyeshamakuru wanyu akaba yamubwiye ko hari indirimbo ategura gukorana n’umwe mu baririmvyi ba hano mu gihugu c’uburundi naho atashimye kumuvuga izina
2gb wo mu gihugu ca kenya
Tumubajije igituma yahisemwo gukorana indirimbo n’umwe mu baririmvyi b’abarundi,2gb akaba yatwishuye ati:igituma nahisemwo gukorana indirimbo n’umwe mu baririmvyi b’abarundi nuko mbona ko hamwe noramuka nkoze indirimbo n’umuririmvyi w’umurundi vyotuma menyekana cane mu gihugu c’uburundi kuko iyo ndirimbo yoza iravuga ku masamirizi yo mu gihugu c’uburundi
Tworangiza tubamenyesha ko kubatamuzi 2gb raba imwe mu ndirimbo yiwe hano: