Danemark= Leta y-ico gihugu yasohoye itegeko rivuga ko uwipfuza wese kuba impunzi mw-ico gihugu ko ategerezwa kuza kubikorera mu Rwanda.

0

Umunyagihugu wese aba muri Danemark yipfuza ubuhungiro muri bwo mw-ico gihugu ko azobanzwa akandikwa hama ace yurizwa indege imushikana mu gihugu c-u Rwanda aho azoca asabira ubuhungiro mu kibanza cagenewe kwakira impunzi.l'Observatoire Euro-Méditerranéen pour Droits de l'Homme - Les déclarations  d'une députée danoise concernant les réfugiés syriens témoignent d'un  langage honteux et condescendant

Igihugu c-u Rwanda kikaba kiri mu bihugu vyagiriwe amahirwe mu gutorwa n-igihugu ca Danemark muvyo  kugiriranira amasezerano ahagaze ku vy-impunzi inyuma y-ukutahabwa amahirwe kw-ibihugu vya Tunisie na Ethiopie.

Bamwe n-abandi bati Igihugu ca Danemark gishaka kushika k-umugambi waco w-uko ata bimukira baza mw-ico gihugu batafise ibibaranga bosubira kubarizwa mw-ico gihugu. Abaharanira agateka kazina muntu mw-ico gihugu baranegura iyo ngingo ya Leta bakamenyesha ko hamwe ibindi bihugu vy-umugabane wa burayi vyokwirikiza iyo ngingo  kwoba ari uguhonyanga vyeruye amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.