UBM News ads

Abakokayi bo mu gisagara ca Bujumbura n’ubu bakora ukuri kwamye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Bamwe mu bashoferi bakorera ku bituro vy’ama Bus ya MUTAKURA-KAMENGE-CIBITOKE na CARAMA mu gisagara ca Bujumbura baramenyesho ko hakiriho aba kokayi barenga ku ngingo bafatiwe n’Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Basigura ko hari umgwi w’abakokayi n’ubu bagikora cane cane ivyo gutoza amahera kandi barabibujijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.
Abo bashoferi bagira bati: ” Imodokari zitozwa amafranga 1000 ku musi, hamwe n’ijanajana uko ije gupakira. Kubera tuzi ko vyahagaritswe, uwase kuyatanga aca afatwa, akaja gupfungirwa mu gipolisi kuri SOGEMARK. Nturekurwa udatanze amande ari hagati y’ibihumbi cumi na mirongo ibiri”.
Abavugwa muri ivyo bikorwa abashoferi bo kuri ivyo bituro bita ko ari ivyo kugarariza ingingo zafashwe n’ubushikiranganji ni uwitwa Barobi, uwiyita Avocat (afise ukuguru kumwe), hamwe na Damascène (batazira Damasera), …
Ayo mafranga yose batoza ngo aja mu mifuko y’abo bagabo hamwe n’abandi bakorana nk’uko bivugwa n’abo bashoferi.
Abo badereva babonako ibiriko biraba ari akarenganyo kadasanzwe. Bagatangazwa n’uko hari abapolisi bashigikira abo bakokayi kandi ari bo bategerezwa kwubahiriza ingingo umushikiranganji yafashe ko ata mukokayi yemerewe gutoza amahera ku bituro vy’ama bisi.
Bagasaba ababishoboye gufasha kugira ngo abo bakokayi bareke kuguma basahura igihugu n’abanyagihugu.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments