
Abantu benshi bariko bagira imyiyerekano ku murwa mukuru wa Kenya, uno musi ku wa kane biyamiriza ibitero vya Israyeli mu ntara y’Abanyapalestina ya Gaza.
Iyo myiyerekano yatanguye inyuma y’aho bari bahejeje ibisabisho vya Eid, abari mu myiyerekano bari bafise ibicapo n’inzandiko ziriko amabendera ya Palestina zivuga ko Abanya kenya bifatanije na Palestina, ko Abanyapalestina badafise ukwidegemvya, ko ubwingenge bwabo butoba bwizuye.
Ni mugihe abantu beshi bamaze kwicwa mu bitero vya Israyeli mu ntara ya Gaza kuva intambara hagati y’ico gihugu n’umurwi Hamas itanguye ku musi wa mbere. Abantu batari bake muri Israyeli barapfuye bahitanywe n’ibitero vy’amarokete vy’umurwi Hamas.
Boniface Mwangi agwanya ruswa akongera akaba aharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu avuga ko Israyeli arico gihugu kirangwa n’ivangura nk’irya apartheid gisigaye kw’isi.
Amenyesha ko intwaro karyanishamiryango ya apartheid muri Afrika y’epfo itari gusenyuka iyo amakungu atayiremera bikomeye. Avuga ko agacerere k’amakungu ku biriko bibera mu ntara ya Gaza ariko kariko gatuma Israyeli ibandanya ivyo iriko irakora





Recent Comments