Cyprien Ntaryamira, ijamboˮ Discipline‟ niryo n-ubu akicibukirwako.

0

Itarike 06 Ndamukiza- 06 Ndamukiza 2021 :Imyaka 27 irarangiye uwahoze ari umukuru w-igihugu Cyprien Ntaryamira yitavye Imana bivuye kw-isanganya ry-indege  barimwo we na mugenzi we Juvenal Habyarimana yatwara u Rwanda ico gihe.Umuryango w-uwo muhisi  baguma basaba ko ukuri k-urwo rupfu kwomenyekana.IWACU English News | The voices of Burundi – Former President's widow asks for recognition and justice for her husband

Ijambo ˮdiscipline‟  yavuze mu gihe yariko arimikwa mu banga yo kurongora igihugu  mu mwaka w-1994 niryo benshi bamwibukirako aho yavuga ko agiye kuyigarukana  mu bisata vyose vy-igihugu nko mu ntwaro, mu ntwaramiheto, mu buzi, mu migambwe, eka mu Burundi bwose. Iryo jambo ryerekeye ˮdiscipline‟ abari mw-ivyo birori vyo kumwimika barariryoherewe ko uburundi bugire bwogorore busubire k-umurongo ni mu gihe hari harangwa ibibazo vy-amoko ndetse n-ubwicanyi  bwahavuye buza inyuma y-igandagurwa ry-umuhisi Perezida Melchior Ndadaye ariwe Ntaryamira yahavuye asubirira mu mabanga yo kurongora uburundi.