Umushikirizamanza yagirizwa kukubagura umwigeme amuhora ko yase ko baryamana, iterabwoba k-umuryango w-uwo mukobwa.

0

Muri komine Nyanza –lac mu ntara ya Makamba havurwa umushikirizamanza wa republika w-intara ya Bururi yakubise umwana w-umukobwa w-imyaka 17 gushika aho ata ubwenge amuhoye ko yamwankiye ko baryamana.Thierry Uwamahoro (@ThierryU) | Twitter

Nkuko bivurwa nababonye iryo kubagurwa ryakorewe uwo mwigeme, Agricole Ndayitwayeko , umushikirizamanza wa republika  mu ntara ya Bururi niwe ubwiwe yikubitiye uwo mwigeme amusanze mu nzu y-idandarizo ya se wiwe aca atangura kumukubita amakofe, mu nyuma afata intebe aba ariyo amukubitisha mu mutwe n-inguvu ziwe zose. Nkuko bibandanya bivurwa nababonye iryo kubagurwa , ngo uwo mushikirizamanza yaciye yigamba  yongera amutuka ko bihuriye maze uwo mwigeme ko ataho azoronka yitwarira, ivyababaje cane abanyagihugu bo mw-ako gace kabereyemwo iryo kubagurwa ry-uwo mwigeme.

Nkuko vyemezwa n-abari bazi icuka kitari kimeze neza hagati y-uwo mushikirizamanza be n-uwo mwigeme, n-uko uwo Agricole Ndayitwayeko  yagerageje kenshi ko borarana n-uwo munyeshure w-imyaka 17 munyuma biranka, biboneka ko yamukubaguye ukwo kwose kukumwihora.

Kuva uwo mwigeme akubiswe, abaganga barasavye ko yojanwa mu gisagara ca Bujumbura kugirango apimwe mu Cuma citwa scanner  ariko ibitakunze kuko abategetsi bamwe bamwe n-ibindi bihangange mu mugambwe uri k-ubutegetsi CNDD –FDD aho I makamba bavyase bose bagomba gukingira Agricole  Ndayitwayeko.

Kubw-amakuru ariko ava I Nyanza-lac  avuga iterabwoba ririko rikorerwa umuryango w-uyo mwigeme n-abandi bikekwa ko boba baratanze iyo nkuru. Bamwe n-abandi babona ko uwo mushikirizamanza yari kuca arengutswa mu butungane mu maguru masha akisigura kw-ivyo birego vyose bimuvugwako yagiwe icaha abihanirwe kuko atanumwe ari hejuru y-amategeko.