Ntabitoke bizosubira kugurishwa ku kiro imbere yo gushika mw isoko.

0
Muri komine Kayanza, birabujijwe kugura canke kugurisha ibitoki ku kiro, bitarashika mw’isoko yabigenewe
 Mwitangazo yasohoye kw igenekerezo ya mbere yakuno kwezi, musitanteri wa komine Kayanza NYANDWI Gilbert yavuzeko vyose  ari mu ntumbero yo kurwanya ubusuma butuma amatagisi atinjira mu kigega ca komine Kayanza nkuko bitegekanijwe, kuva itariki 01/04/2021, kirazira kugura ibitoki ku munzane bitarashika kw’isoko y’ibitoki yategekanijwe na komine Kayanza.
Musitanteri yafashe iyo ngingo akaba asaba abajejwe umutekano n’intwaro kwubahiriza iyo ngingo kuko ababigurira mukayira biba bataratanga amatagisi.
Ko ingingo benizo bamwe bazishima abandi ntibazakire neza,we uyakiriye gute??