Sunday, January 29, 2023
HomeNewsCPI yoba igiye gutangura vuba gusohora imitahe ku barundi bakekwa gukora...

CPI yoba igiye gutangura vuba gusohora imitahe ku barundi bakekwa gukora ivyaha mu 2015?

Sentare mpanavyaha , CPI itangaza ko amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 2015 ageze kure. Iyo sentare ikavuga kandi ko mu kiringo ca hafi ishobora kuja ku yindi ntambwe, Iyo ntambwe nayo akaba ari ukurungikira imitahe abakekwa gukora ivyo vyaha. CPI ivuga kandi ko ifise amakuru akwiye ko mu mwaka wa 2015 hakozwe ivyaha vy’agahomerabunwa.

Sentare mpanavyaha CPI yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 2015 ageze kure. Iyo sentare ivuga ko ayo matohoza amaze imyaka itanu , ashimikiye ku vyaha bitandatu:Ubwicanyi bwoba bwahitanye abantu barenga 1200, Ibihumbi n’ibihumbi bafungiwe ubusa, Abandi bakaborezwa igufa, Amajana n’amajana banyurujwe bakagenda mazimayongo, Abagore bafashwe ku nguvu . CPI yongerako kandi ko hari abantu barenga ibihumbi 400 bahunze kubera ayo mabi.

Nkuko tubandanya tubikesha Iradiyo Ijwi rya Amerika, CPI ivuga ko imaze kuronka amakuru akwiye ku vyerekeye ivyo vyaha bishirwa ku rwego rw’ivyaha vy’agahomerabunwa vyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 2015. Umurwi ujejwe amatohoza nyezina uvuga ndetse ko waganiriye n’aberwa n’ayo mabi ku mpande zose.

Iyo sentare imenyesha kandi ko ikora amatohoza no ku bindi vyaha vyoba vyarakozwe n’urundi ruhande yaba imirwi irwana , Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza n’ibindi vyoba yahitanye abapolisi.
CPI ntiyabwiye ariko Ijwi rya Amerika ryari imitahe mpuzamakungu izosohokera gusa iyo sentare ikavuga ko ariyo ntambwe ica ikwirikira. Amashirahamwe y’abashingwamanza bitwaye muri CPI vyinshi muri ivyo birego , avuga ko amadosiye arenga 2000 ariyo yatanzwe.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....