Claude Bochu, aserukira umuryango w’ubumwe bwa buraya mu Burundi yemeza ko nubu abamenyeshamakuru bakorera ku butaka bw’uburundi baguma baterwa ubwoba , bakaburabuzwa na bamwe mu bategetsi. Bochu avuga kandi ko abamenyeshamakuru b’i Burundi bahembwa intica ntikize , ko naho biri uko ntibibatuma kudebukirwa mugukora umwuga wabo neza. Uwo aserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi yabitangaje kuri uyu wa kane mu ntara ya Gitega , igihe hariko hugururwa inama rukokoma yo mu gisata co kumenyeshamakuru mu Burundi.
Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yemeza ko muri iyi myaka itandatu iheze habaye icuka kibi hagati y’ubutegetsi n’ibimenyeshamakuru . Bazombanza akavuga ko vyaturutse ahanini kuri bimwe mu bimenyeshamakuru vyashatse gukorera inyungu za politike no gufasha abashaka gusenyura ubutegetsi biciye mu nzira y’igikenye.
Kubwa Claude Bochu, asanzwe aserukira umuryango w’ubumwe bwa buraya mu Burundi wewe yemeza ko nubu abamenyeshamakuru bakibandanya baterwa ubwoba ,bakaburabuzwa na bamwe mu bategetsi b’uburundi. Akabona ko abamenyeshamakuru b’uburundi abafata nk’intwari zirengera ibizihanze maze bagakora umwuga wabo neza uko bashoboye naho agashahara bahembwa ari intica ntikize.
Tubamenyeshe ko mu cegeranyo co mu mwaka uheze wa 2021, Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bwatangaje ko Leta y’uburundi ikandamiza abamenyeshamakuru bigatuma bahitamwo kugira ibintu bimwe bimwe bafata nka mukorumbone maze bagashima kutabikorako inkuru.
Recent Comments