#COVID-19: Leta y’Uburundi iremesha Abarundi ‘kudatekerwa n’Ubwoba’

0

Inyuma yaho Uburundi nabwo bugiriye ku rutonde n’ibindi bihugu vyafahswe n’umugera uriko utikiza inganda ariwo Coronavirus wataziriwe COVID-19, leta y’Uburundi yaraya isavye Abarundi kudatwarwa n’Ubwoba cane.

Mu Burundi hamaze kumenyekana abantu batatu barwaye uwo mugera wa Coronavirus, nkuko Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu bwabishize ababona ejo.

Hakozwe ibipimo ku barenga 20 vyiketswe ko boba baragize imibonano n’umwe mu bari bafashwe na Coronavirus maze basanga hari umwigeme umwe w’imyaka 26 yanduye uwo umugera maze aba agize gatatu.

Bikaba bica bituma abanduye bose uwo mugera bashirwa ukwa bonyene. Thadee Ndikukamana akamenyesha ko abarwaye uko ari babatu amagara yabo atari mabi cane.

Leta y’Uburundi yasohoye itangazo ejo ku mugoroba isaba Abarundi gutekana na cane cane ko aba nya Bujumbura bose basa n’abatekewe n’Ubwoba kubera uwo mugera wahereye mu gisagara ca Bujumbura.

Abatati bake baribaza ko hazohava haba bimwe vyo kwugarana abantu mu mazu yabo ariko leta y’Uburundi biraboneka ko iyo ngingo itariko irayifata ubu bwa vuba.

Leta kandi muri iryo tanagazo iragabisha abo bose badandaza bokwikika mu kiza ca Coronavirus maze bakaduza ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa ko bazofatirwa ibihano.