Uwahoze ari umukuru w-igihugu c-uburundi Domitien NDAYIZEYE niwe yagenywe kuri uyu w-Imana igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2022 n-inama y-abakuru b-ibihugu bigize umuryango w-ubumwe bwa Afrika ngo aje mu murwi w-inararibonye w-iryo shirahamwe . Perezida Ndayizeye akaba yatanzwe na Leta y-uburundi , iyo nayo ikaba yari yaserukiwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye.
Tubibutse ko Uwo yahoze arongoye uburundi mu kiringo c-intwaro mfatakibanza yaheruka kwizerwa n-ishirahamwe ry-umuryango wa Afrika y-ubuseruko, EAC mu kurongora umurwi w-abarorerezi b-uwo muryango mu matora y-umukuru w-igihugu ca Uganda yabaye muri Nzero umwaka w-2021.
Recent Comments