CNL iratewe ubwoba n-umuvuduko munini w-ihagarikwa ry-abanywanyi bawo munyuma bakaburwa irengero.

0

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Mukakaro 2021, umugambwe CNL, umwe mu migambwe ikomeye mu yitavuga rumwe n-ubutegetsi  warasohoye itangazo . Aho umenyesha ko utewe ubwoba  n-ukuntu  ˮ guhagarika  ku karenganyo abanywanyi bawo, bigashika bakaburwa  irengero‟  bitera birwira hose.Urumuri News on Twitter: "Le porte-parole de @BurundiCnl déplore  comportement indigne de certains membres de certains #CEPI qui divulguent  les secrets professionnels. Et “les listes déposées par #Cnl sont  divulgués; ceux qui

Mw-iryo tangazo, Umugambwe CNL utanga akarorero kahagufi  na k-ihagarikwa  ry-umunywanyi wawo yitwa  Elie Ngomirakiza aserukira uyo mugambwe muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura-rural , mu nyuma ahava aburwa irengero imbere yo gufatwa  n-abantu bari bambaye impuzu za gisirikare baca bamwuriza  imodoka yo mu bwoko bwa pick up. Kuva uwo musi, uwo mugambwe wemeza ko wakoze ibishoboka vyose kugira ngo urabe iyo uwawo ari amaso ahera mu nzira.

ˮIkibabaje  ni uko hari amakuru ataramezwa neza avuga ko Elie Ngomirakiza yoba yarishwe bunyamaswa. Dusavye  ubutungane , igipolisi n-umurwi w-igihugu ujejwe ivy-agateka ka zina muntu CNIDH  kugira ico bakoze kugira bahe umuco abantu kuvyerekeye Ngomirakiza‟

Tubamenyeshe ko mw-iy-imisi abantu baharurwa muri mirongo, barwiriyemwo abanywanyi ba CNL barahagaritswe mu ntara za Mwaro na Muramvya inyuma y-igitero cahitanye abantu 18 muri komine Rutegama, mu ntara ya Muramvya hari kuwa 26 Ruheshi uy-umwaka.