Abantu bamaze kuburwa irengero babanje gufatwa babiri muribo baramaze kugandagurwa.

0

Kuva mu ntango z-ukwezi kw-indwi kw-uy-umwaka w-2021 hariko hibonekeza umurindi udasanzwe w-abafatwa n-abamwe mu nzego z-umutekano mu nyuma bakaburwa irengero. Imiryango y-abo bamaze gufatwa mu nyuma bakubwa irengero bamenyesha ko bari mu bwoba n-agahinda bitewe ko at-akayambu k-ababo barasubira kuronka. Bamwe mw-abo bamaze kuburwa irengero baramaze kugandagurwa.Image

Muri abo bamaze guhagarikwa bakaburwa irengero , bagera kuri umunani. Abo ni :

Mertus Mahoromeza yafatiwe ku murwa mukuru w-intara ya Gitega muri karitiye shatanya hari kuwa 9 Mukakaro uy-umwaka . yahagaritswe kuwa  uku kwezi n-abantu bari bambaye impuzu z-igipolisi .

Elie Ngomirakiza arongoye umugambwe CNL muri komine Mutimbuzi yahagaritswe kuwa 9 Mukakaro n-abantu bari bambaye imyambaro y-igisirikare c-uburundi mu nyuma bahavuye bamwuriza imodoka yo mu bwoko bwa Pick up. Amakuru amaze kutangwa n-abatari bake mu gace yahagarikiwemwo, ni uko Ngomirakiza yoba yaciye agandagurirwa mw-ishamba cimeza rya Rukoko.

Innocent Manirakiza wo ku musozi Dongeruzi , muri komine Mugamba. Akaba yatowe ikiziga hafi yo mu micungararo y-iwabo inyuma yo kuburwa irengero kuwa 11 Mukakaro uw-umwaka.

JeanPierre Ntakirutimana hamwe na Celestin Nimubona bose n-abo mu muryango umwe , bakavuka muri komine Buyengero, intara ya Rumonge. Babuzwe irengero kuwa 8 Mukakaro 2021. Ababaheruka ubwanyuma bababonye mu gisagara ca Bujumbura muri karitiye Aziyatike.

Innocent Ndayiragije , umunywanyi w-umugambwe CNL muri komine Vugizo mu ntara ya Makamba.yabuzwe irengero kuwa 9 Mukakaro 2021. Abari inyuma y-iryo nyuruzwa rya Ndayiragije havurwamwo uwurongoye igendereza mu ntara ya Makamba.

Juvenal Ndereyimana, umukukuruke mu gisirikare ca kera hamwe n-umushingwamanza Thadee  Kantungeko banyurujwe bose kuwa 10  Mukakaro 2021 muri komine Matana, intara ya Bururi . Nkuko  bivurwa n-ababonye iryo hagarikwa ry-abo bantu babiri, n-uko ngo bafashwe n-abantu bari bambaye impuzu za gisivire  mu nyuma bahavuye baca burizwa mu muduga wo mu bwoko bwa Hilux ifise ibiyo bitabona.