Amafaranga mvamakungu arabujijwe gukoreshwa ku butaka bw-uburundi.

0

Mw-itangazo ryasohowe kuri uyu 13 Rusama 2021 n-ibanki nkuru ya Republika BRB , n-uko bibujijwe kuriha ikintu icarico cose ukoresheje amafaranga mvamakungu ku gataka k-uburundi.May be an image of 4 people and money

Uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru muriyo banki, Diane Jocelyn Bizimana yavuzeko iyo ngingo yerekeye amasezerano yo gukotesha amazu, ayajanye n-ibikorwa , irihwa ry-amafaranga y-ishure hamwe n-iry-ibidandazwa.

Naho biri uko, Diane Jocelyn Bizimana avuga ko amashirahamwe yo gutwara abantu n-ibintu mu ndege , ibigo vy-ingenzi, amashirahamwe mpuzamakungu yo kwunguruza abantu n-ibintu , ibivuko, ikibuga c-indege, abajejwe imbibe n-abanyamahanga hamwe n-ikigo kijejwe gutoza amakori n-amatagisi abo bose baremerewe kurihisha no kurihwa ibikorwa vyabo mu msafaranga mvamakungu ku banyamahanga bataba mu Burundi. Ariko birabujijwe kurihisha muri ayo ababa mu gihugu c-uburundi.

Mu kurangiza, uwo ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri BRB avuga ko abashaka kuriha ibidandazwa biva hanze y-igihugu babisabira uruhusha. Arongera akamenyesha kandi ko ibihano bitegekanijwe kuwuzorenga kuri izo ngingo.