UBM News ads

Uburusiya bwemeje ko bumaze gutakariza vyinshi mu ntambara burimwo muri Ukraine.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c-uburusiya cemeye ko kimaze gutakaza ingabo nyishi  cane mu ntambara kirimwo mu gihugu ca Ukraine. Dmitry Peskov , umuvugizi w-ibiro vy-umukuru w-igihugu c-uburusiya  yabwiye ikinyamakuru c-abongereza Sky News ko abarusiya bamaze gupfira muri Ukraine  ari «amahano akomeye  kuri twebwe».No photo description available.

Ariko Peskov akavuga ko Moscou ifise icizere cuko igiye gushika kw-ihangiro ry-iy-intambara mu misi iri mbere. Abajijwe ku vyaha vy-ubwicanyi ingabo z-uburusiya zakoreye ku basivire bo mu gisagara ca Boutcha, Peskov yishuye uku :«Turi mu misi y-amarementanya n-ibinyoma». Ata vyemezo atanze, yavuze ko abasivire biciwe muri Boutcha ari irementanya.

Abakwirikiranira hagufi ivyiyo ntambara babona ko kubona uburusiya bwemanze ko buriko buhatakariza vyinshi ari ikintu babona ko kidasanzwe ariko kandi ko bishobora gutuma bica imvutu ingabo z-uburusiya ziri ku rugamba muri Ukraine.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments