Umukuru w-inama nshingamateka avuga ko icegeranyo gitangwa n-umurwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi gihengamye , kuko havurwamwo Leta gusa. Daniel –Gélase Ndabirabe yabishikirije kuri uyu wa kane igihe CNIDH yariko ishikiriza ivyo yaranguye mu mwaka.
Ku rundi ruhande, uwurongoye umurwi CNIDH , Dr Sixte-Vigny Nimuraba asigura nyabuna ko agateka ka zina muntu gahungabana igihe haba harimwo uruhara rw-umuntu aserukira Leta mu nzego izo ari zo zose , aba yakoze icaha.
Uwo arongoye inama nshingamateka yarameze nkuwukarira Vigny Nimuraba kubera ko umurwi arongoye utigeze werekana mw-ico cegeranyo abantu bagize uruhara rw-abasinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi. Ndabirabe yabivuze uku :«iyo mutubwira muti mu bijanye n-agateka ka zina muntu , aba ni abasinzikaza agateka ka zina muntu, none nta kintu na kimwe kirimwo? Kandi mutuzaniye icegeranyo c-umwaka.»





Recent Comments