Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD avuga ko yamaze gutegura umwana wiwe mubazokwinjira igisoda kurwanira igihugu kuko kirarwanirwa,atera akamo abagumyabanga n’abakenyerarugambose gutanga umwana 1 canke 2 bazoja mu gisoda kurwanira uburundi.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD arabandanya gutera akamo abarundi cane cane abaturuka mu mugambwe CNDD-FDD gutegura abana babo kugira bazobarungike mu gisirikare canke igipolisi kurwanira igihugu kuko kirwanirwa nkuko yama yabishikirije mu manama menshi.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ndamukiza mu ntara nshasha ya Burunga muri komine ya Bururi,Reveriyano Ndikuriyo yatanze akarorero aho umwana wiwe aza yaramaze kumutegura neza kugira azokwinjire igisirikare mu kurwanira igihugu.
Yagize ati:”Leta ikoresha abana bacu,Tanga umwe naje uyu nzomutanga azoba umusoda!Ufise abana 3,panga 1 canke 2 bazobe abasoda canke abapolisi barwanire igihugu kuko kirarwanirwa”‘.
Uwo munyamabanga mukuru wa CNDD-FDD akaba avuga ko inguvu nyishi azishora mu Biswi vy’inkona hamwe n’imbonerakure kuko aribo bazoba baramutswa igihugu mu myaka iri imbere mu gihe zimwe mu ndongozi za CNDD-FDD zizoba zashaje.





Recent Comments