UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta zunze ubumwe za Amerika irababajwe n’amajambo yashikirijwe na Perezida Ndayishimiye ahamagarira kwicisha amabuye abahuza ibitsina babisangiye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta zunze ubumwe za Amerika irababajwe n’amajambo aheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye aho yatangaje ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye kwicishwa amabuye. Ivyo tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu na Matthew Miller, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Leta zunze ubumwe za Amerika.
«Leta zunze ubumwe za Amerika ziratewe umutima uhagaze n’amajambo ya Perezida Ndayishimiye yibasira bamwe mu barundi bari mu buzima butari bwiza ndetse banakumiriwe mu kibano» Niko Matthew Miller, umuvugizi wa Leta zunze ubumwe za Amerika yashikirije imbere y’abamenyeshamakuru.

Miller yarongeye agira ati :«Turahamagariye muri rusangi abategetsi b’i Burundi kwubahiriza uburenganzira n’agateka ka buri murundi wese ».

Tubamenyeshe ko kuwa 29 kigarama 2023 mu kiganiro yariko aha abamenyeshamakuru mu ntara ya Cankuzo, Perezida Varisito Ndayishimiye yariyamirije abo bahuza basangiye ibitsina aho yavuze ko vyari bikwiye ko umuntu afashwe yagirizwa ico caha yoshirwa ahabona abarundi bakamubona, bakamushira ku kibuga c’umupira maze bakamutera bose amabuye kuko ivyo bakora ngo ari «ibiterasoni».

Yagize ati :« Ndababwije ukuri, nimba ibihugu rutura birahatira ibihugu bikiri mu nzira y’iterambere kwemera umugenzi w’uko abasangiye ibitsina bobana, batavyemeye ko ata mfashanyo bazoronka, barayitwima! Twebwe ntidushobora kwemera iryo vumwe»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments