Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL asaba umugambwe CNDD FDD ko woreka ubwoba bwo gutsindwa, kandi wemerere n’iyindi migambwe bahiganwe ku rugero rumwe. Kubwa Rwasa Agathon, kurungika urwaruka rw’imbonerakure kubuza ibikorwa vy’iyindi migambwe bigaragaza ukutiyemera kw’umugambwe CNDD FDD.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yagiriza umugambwe CNDD FDD ko ubabuza gutunganya amanama, canke guhura n’abanywanyi babo. Mu gihe n’ibibazo vyose vy’imigambwe isambuka, iyindi nayo ikakwa abayirongoye bemewe n’abanywanyi, Rwasa Agathon nawe nyene avuga ko yaswe umugambwe FNL, amenyesha ko vyose biva ku bwoba bwa CNDD FDD bwo gutsindwa, kuko ku bwiwe bitumvikana ingene bokwankira abanyamugambwe guhura n’abanywanyi babo. Kenshi abajejwe intwaro bitwaza ko izo nama zitaba zemewe n’amategeko, canke zitasabiwe uruhusha. Rwasa Agathon yibutsa ko amategeko avuga ko ata ruhusha rusabwa, ahubwo haba ukumenyesha, agatangazwa n’ingene urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD arirwo ruza kubuza izo nama, kandi hari abajejwe umutekano babijejwe. Kubwa Rwasa Agathon, umugmabwe CNDD FDD wari ukwiye kwihweza ingene wogira umwumvikano n’iyindi migambwe, bagasangira ivyiyumviro kuko bitumvikana ingene bobura ijwi rimwe kugira ibwirizwa shingiro rirotorwe, kandi bafise abashingamateka 81 bose
Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yamirira kure abafatira mu kivunga, ibikozwe vyose bikagirizwa Imbonerakure za CNDD FDD. Ku bwiwe, uwakoze ikibi yokwitwa inkozi y’ikibi, kandi akabihanirwa ku gatwe kiwe. Edouard Nduwimana yateye akamo abajejwe intwaro mu gihugu cose ko boreka imigambwe igakora mu mwidegemvyo, bakaraba gusa ko amategeko yubahirijwe. Mu kiganiro kidasanzwe cahuje bamwe mu bakuru b’imigambwe ku muhingamo w’ejo kuwa mbere, umushingamateka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD nawe nyene yasangiye imvugo n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. N’aho atabihurijeko na Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, Pascal Nyabenda nawe nyene yashikirije ko ikosa ryobazwa uwarikoze, hako ryokwegekwa ku rwaruka rw’Imbonerakure mu kivunga. Léonce Ngendakumana ati : “Barabesha ni umugambi wabo kuko bibera mu gihugu cose.” Amakenga ya Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU n’urunani ADC Ikibiri, n’uko n’abafashwe ubutungane budakora.
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Muri ico kiganiro, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yamenyesheje ko mu ntumbero yo gutegura amatora meza, abategetsi bokwirinda kwigenza nk’abanyamigambwe, bagatanga uburenganzira bwo gukora ku bandi bose babirekuriwe n’amategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwotunganiriza bose, kuko ari ubw’imigambwe yose, n’iyitavuga rumwe n’ubutegetsi idasigaye inyuma.
Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye igihugu c’Uburundi
Recent Comments