UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uno mugambi mushasha wa UBM News abantu benshi bakomeje kuwukunda ! soma hano wunve uko uzoza urabigenza ushaka ko ikintu cawe kija hano kuri UBM News

Ikinyamakuru ca mbere gikunzwe n’abarundi benshi ndetse gikorera hano muri America ” UBM News ” nkuko twiyemeje gushigikira hamwe nokumenyekanisha ibikorwa vy’abarundi bose , umugambi rero twiyemeje ukomejwe gushimwa n’abenshi ndetse kugeza ubu tukaba twakira indirimbo zose z’abarundi turungikirwa.


Eric Nyandwi ” Umuyobozi mukuru ndetse akongera akaba n’Umunyamakuru wa UBM News

Kira kinyamakuru cose kiba gifise amategeko kigiraho, kano kanya rero nkaba ngiye kubamenyesha ico umuntu wese azogirako kugirango indirimbo yiwe canke Video yiwe ice kuri UBM News.

1. Kugirango indirimbo yawe ( Audio ) ije kuri UBM News nuko uzoyiturungikira kuri Email yacu : info@ubmnews.com, wibuke kuzorungikana nifoto yawe ibona neza.

2. Ururirimbo rwawe rutegerezwa kuba rwarahinyanyuwe neza muri Studio, amajwi yawe yunvikana neza.

3. Ari ivideo nshasha yawe washize kuri Youtube ariko ukaba wipfuza ko tuzoyicisha hano kuri UBM News, nuko uzoyiturungikira kuri Email yacu : info@ubmnews.com canke ukayirungikira umunyamakuru wa UBM News kuri Facebook ( Eric Nyandwi )

Eric Nyandwi ” hano yariko araganira n’umurongozi wa The Syub Show ” Steven Raphael

4. kugirango Video yawe tuze tuyicishe kuri UBM News itegerezwa kuba iri HD ( High Definition )

5. Ari indirimbo yawe waririnvye mucongereza ( English ) ” utegerezwa kuba waravanzemwo ikirundi canke igiswahili kugirango ururirimbo rwawe rubashe kuja kuri UBM News ” Aho nikugirango abantu babashe kumenya neza ko uri Umurundi kandi ko waje uva muri Africa.

6. Youtube yagenewe ama Video ntabwo yagenewe ama Audio ” bityo hari abantu bashira indirimbo zo kunviriza ( Audio ) kuri Youtube, Kenshi uca usanga baca bashiraho amapica yabo kuko aba atari Video ” Ari indirimbo ya Audio washize kuri Youtube ntuze wigere uturungikira LINK ya Youtube ngo tuyishire kuri UBM News, ahubwo uze uturungikire ”Original Audio ” y’indirimbo yawe siyo iyo iwashize kuri Youtube” wibuke kuzorungikana nifoto ibona neza ! Email : info@ubmnews.com

7. Ntandirimbo nimwe, Video canke Movie y’umurundi izoja kuri UBM News itabanjwe kurungikwa k’umunyamakuru wa UBM News ( Eric Nyandwi ) kuri Facebook canke kurino Email : info@ubmnews.com

Video yawe niwayirungika ukurikije ubwo buryo ndwi (7) twavuze, ntakabuza izoja kuri UBM News kuko twebwe ico twipfuza ni gushigikira hamwe nokumenyekanisha ibikorwa vyose vyabarundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments