Bold & Naked studio ni ishirahamwe ry’abagore n’abagabo bishize hamwe, bakaba bariyemeje ubwabo ko bazoza barakora siporo yo kugorora umubiri bambaye uko bavutse kuko ngo arivyo bituma biyunva neza mu mubiri.
abasore n’inkumi bose baba bari muri siporo bambaye uko bavutse
Nkuko tubikesha ikinyamakuru The PeopleMag kikaba caratembereye aba basore n’inkumi ndetse harimwo n’abakuze, aho uyu munyamakuru yaja kuraba muko vyifashe yasanze bose bakora siporo bambaye ubusa kandi ubona yuko bo atakibazo kibateye, ubwo uyu munyamakuru yaganira nabo bamubwiyeko gukora siporo bambaye uko bavutse bituma bashobora kugira ivyuyunviro bimeze neza ndetse bikaba bifasha umuntu guhema neza mugihe barigukora siporo.
ino siporo bakora bose bari gusa ikomejwe kwitabirwa n’abantu benshi cane
Aho iki kinyamakuru caganira n’umwe mubakobwa yari yitabiriye iyi siporo bakora barigusa, uyu mukobwa uzwi kumazina ya Betty yagize ati “gukora siporo n’abagabo twambaye ubusa ntakibazo bidutera kuko natwe turavyishimira cane kuko mwese muba mumeze kimwe ” ariko yongeraho ko igikunda kubagora cane kubakobwa hari siporo imwe badashobora kwitabira iyo ari siporo ibasaba gutambikiza ariko ngo hariho ababishobora kandi bakabikora neza cane.
Iyo barangije siporo bahita bambara impuzu zabo
Iyi nzu ifasha abantu gukora siporo ngorora mubiri bambaye uko bavutse kandi Ikaba iherereye mu muji wa New york hano muri Leta Zunze ubumwe za America, kuja gukorera siporo murino nzu ntivyoroshe kuko kwiyandikisha bisaba ama Dollar atari make ariko kandi nubwo biriko abantu benshi cane bakomeje kwiyunga.
Recent Comments