Nicodème Ndahabonyimana, musitanteri wa komine Mabayi, iri mu ntara ya Cibitoke, abandi bajejwe intwaro babiri hamwe n’imbonerakure ya CNDD-FDD barahagaritswe mu gitondo co kuri uyu wa kane maze bajanwa gupfungirwa mw’iperereza i Bujumbura. Ni inyuma y’igandagurwa ry’imbonerakure ryakozwe n’abaroberi b’abanyarwanda bacumbitse mw’ishamba cimeza rya kibira.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi , Abo bafashwe mu nyuma bajanwa gupfungirwa I Bujumbura ni musitanteri wa komine Mabayi , Ndahabonyimana Nicodème , umukuru wa zone Mabayi , umukuru w’umutumba Gitukura bita zakariya hamwe rero n’abandi banywanyi batatu b’umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure. Ico kinyamakuru kivuga ko baje guhagarikwa n’umushikirizamanza wa Republika hamwe n’abakozi b’iperereza bose bakaba bari bavuye mu gisagara ca Bujumbura.
Amasoko ava muri komine Mabayi avuga ko iryo hagarikwa ry’abo bajejwe intwaro batatu hamwe n’imbonerakure ryoba ryatewe n’uko ngo boba bacuditse hamwe n’abarwanyi b’abanyarwanda bari mu mihari ya FDLR na FLN bamaze igihe bacumbikiye mu kibira.
Iryo hagarikwa kandi ribaye inyuma y’ijoro ryo kuwa gatatu , Isidore Niyongabo batazira Maisha yararongoye imbonerakure aho muri komine Mabayi yishwe arashwe n’abantu bivurwa ko ari abo mu nterahamwe bamuhoye ko ariwe yicishije bagenzi babo mu gitero cabaye mu ndwi iheze .
Mu ndwi iheze naho kuwa 3 Myandagaro 2023, harabaye gutana mu mitwe hagati y’abarwanyi b’interahamwe za FDLR hamwe n’abasirikare b’uburundi. Interahamwe zitatu zikaba zarishwe , umwe arakomereka hamwe n’inkoho zine zafashwe. Nayo ku ruhande rw’igisirikare c’uburundi, hapfuye abasirikare babiri na batatu bakomeretse.
Recent Comments