UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

«Twebwe abarundikazi cumi duhabwa ico kiro kimwe c’umuceri n’ibiraya 5, urumva ko ikiraya kimwe gisangira babiri» Abarundikazi bajanywe mu bihugu vy’abarabu baratabaza ko bari mu bihe bitoroshe.

UBM News ads

Abigeme b’abarundikazi bajanywe kurondera akazi mu gihugu ca Arabiya Saudite bavuga ko babayeho nabi cane biturutse ko bataronswa imfungurwa zikwiye.Bavuga kandi ko bugaraniwe mu nzu kandi ko n’akazi bari baziko bagiye gukora batarakaronswa kuva bashitse mw’ico gihugu bagasaba ko bopfuma basubizwa mu Burundi.

Abo bigeme b’abarundikazi bagera kuri cumi barungitswe mu gihugu ca Arabiya Saoudite bavuga ko bashitse ngaho mw’ico gihugu kuwa 12 Ruheshi 2023 aho ngo bari baziko bagiye kuronka ubuzi ariko basanze ibintu bitoroshe.
Amakuru ava mw’abo barundikazi amenyesha ko bari mu mwiheburo ndetse ko bari bibaza ko bagiye kurondera ubuzima ariko basanze bagiye kubutanga. Bavuga ko inzara, inyota arivyo bibarembeje aho bugaraniwe ngo nta n’uburenganzira bafise bwo gusohoka ngo baje kwota akazuba ,nk’uko umwe muribo avyigana:
«Twebwe abarundikazi cumi duhabwa ico kiro kimwe c’umuceri n’ibiraya bitanu, urumva ko ikiraya kimwe gisangira babiri.(…) uribaza ko iwanyu ariho mu bukene ariko washika ahandi hantu ugasanga ni ibibazo. Tuguma dutakamba badukure hano hano canke tujanwe ku buzi, urumva ko ntitworohewe inzara yonyene izotwiyicira»

Abo barundikazi bavuga kandi ko batabaje uwurongoye ikigo cabarungitse kiri muri Chanic mu gisagara ca Bujumbura kugira bamubwire ayo bagowe ariko ngo ntiyigera abishura. Basaba ko batahukanwa mu Burundi hakugorerwa mw’ico gihugu kuko ubuzi bari baziko bagiye kuronswa atabwo baronse. «twaratabaje umu bosi wacu yatuzanye, terefone ntiyitaba na message ntiyishura, twashaka mu dutabarize ahashoboka badukure ino kuko tumaze amezi abiri ata kazi turaronswa ndetse tubaye mw’aya magorwa» niko umwe mw’abo barundikazi abandanya atabaza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments