UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

CIBITOKE= Ibiziga bitatu vy-abantu biboshwe vyatowe muri komine Buganda

UBM News ads

Nkuko tubisoma mu kimenyeshamakuru sos medias Burundi , ibiziga bitatu vy-abantu bitari vyambaye agahuzu ndetse binaboshe nivyo vyatowe n-abarovyi kuruwu w-Imana  neza na neza kw-ibarabara rya kane k-umucamo w-umutumba Gasenyi wa komine Buganda , mu ntara ya Cibitoke.Samedi 20 juillet 2019 SÉCURITÉ -... - SOS Médias Burundi | فيسبوك

Kubw-amakuru yatanzwe n-umupolisi yiboneye ivyo biziga n-uko ukwari bitatu vyari ivy-abagabo kandi hari huzuye ikidengeri cinshi c-amaraso iruhande yavyo biboneka ko abo bantu boba bagandaguwe mw-ijoro ryo kuwa gatandatu bakuwe ahandi.Ivyo biziga vyaciye vyihutirwa kuhambwa atamatohoza abaye ndetse hanakorwe umwidondoro w-abo bantu bagandaguwe ndetse hanamenywe n-aba bagandaguye.

Tubamenyeshe ko intara ya Cibitoke mu ma komine ya Mabayi, Bukinanyana na Buganda zimaze ibihe vyishi zitorwamwo ibiziga vy-abantu benshi aho ata kwezi canke indwi vyijana hatatowe ibiziga biba biboshwe, vyatawe mu nzuzi ahandi vyamaze gusanguka. Ivyemezwa n-abanyagihugu bo mw-ubwo buce buguma butorwamwo ivyo biziga n-uko abantu batorwa ari ibiziga kenshi baba bakuwe mu bundi burere bw-igihugu bakomeye  mu nyuma bakazanwa kwicirwa mu ntara ya Cibitoke.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments