UBM News ads

Inyubako rusangi zirageramiwe cane n’imvura ivanze n’umuyaga mwinshi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
 Inyubako nyinshi, amabarabara, ibitarugwa, amasomero n’ibindi birononeka mw’iki gihe c’imvura nyishi mugihe atanimyaka myinshi biba biramara.
Akarorero n’aho Amasomero 4 yo kw’ishure shingiro rya Kibati zone Masango komine Bukinanyana intara ya Cibitoke, yaguruwe n’imvura nyinshi ivanze nigihuhusi hamwe n’urubura yaguye ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.
Iyo mvura yarononye kandi imirima myinshi y’ibitoke,amateke, ibiharage.
Abanyagihugu basaba uwobafasha  kuko ivyabo vyatwawe n’iyo mvura. Abarongoye iryo shure nabo basaba ko ryosanurwa kuko igice ca 3 c’umwaka catanguye batagira aho bigira.
Séreus Barimurwanko, umukuru wa zone Masango amenyesha ko iki gitondo bazindutse basanura ayo masomero bagasaba na leta ko yobaronsa amabati kuko ayagurutse atoba agisubizwa ku masomero. Uyo mutware asaba abo bose babishokoye gufasha mu kurindira ko leta igira ico ikoze.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments