Bubanza: Hari umuntu yafashwe n’igiporisi kuri uyu w’Imana 11/04/2021 mu village ya 4 ya komine Gihanga ajanwa gupfungirwa mu gasho k’igipolisi i Gihanga. uwo mugabo yoba yagigirizwa kuba yari yaraye yishe umugore wiwe amukubise ifuni mu mutwe nkuko ababanyi b’uwo muryango babivuga.
Abo babanyi bamenyesha kandi ko uwo mukenyezi yari yarahukanye hanyuma aragaruka mu rugo hari haheze amezi 3.
Mu gatondo kuri uyu wa mbere, umuryango w’uwo mukenyezi wariko urarondera irerero ryokwakira umwana w’amezi 9 yasizwe n’uwo yishwe.
Bamwe n’abandi bavuga ko kuba ubwicanyi benubwo bwimogoje mu gihugu bituruka kukudahana ababa babukoze.
Recent Comments