UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Agathon RWASA asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika kubandanya ubucuti n’uburundi ataco bwungura abanyagihugu .

UBM News ads

Umukuru w’umugambwe CNL, Agathon RWASA asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika kubandanya ubucuti n’uburundi ataco bwungura abanyagihugu ariko bufise inyungu ku bategetsi n’umugambwe CNDD-FDD gusa. Agathon RWASA akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co muri Tanzaniya The Citizen igihe yari mu rugendo mu gihugu ca Tanzaniya . Muri ico kiganiro, RWASA yashikirije ko Leta ya Tanzaniya ivyitwaramwo neza iyo hageze ibijanye n’ubucuti bwayo n’umugambwe uri ku butegetsi .

Mu kiganiro Agathon RWASA yahaye ikinyamakuru The Citizen mu nomero yaco bashize ahabona kuri uyu wa gatatu, Uwo munyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi yavuze ko kuva kuri Mwalimu Julius Nyerere , Tanzaniya yamye ari umugenzi wa Leta y’uburundi . Agahon RWASA ati kuva mw’ico gihe cose, Leta y’uburundi ntirigera ihagarika gucinyiza abanyagihugu bayo. Aho rero akaba ariho Agathon RWASA asaba ku bijanye n’imigenderanire yoba hagati ya Leta ya Tanzaniya n’uburundi. Umushingamateka Agathon RWASA akaba yipfuza ko iyo migenderanire igirira ikimazi abanyagihugu b’uburundi ku ruta ukwo igirira ikimazi abategetsi b’igihugu. Muri ico gihe, Agathon RWASA yabwiye ikinyamakuru The Citizen ko Leta ya Tanzaniya yokwama ishinze ijisho ku bibera mu Burundi ikanabasha gukinga mu gihe hoba hari ibibi bigeye kwaduka.

Agathon RWASA yabwiye ico kinyamakuru ko iyo arimwe imvo nyamukuru yatumye agiriranira umubonano na bamwe mu batavuga rumwe na Leta ya Tanzaniya. Iruhande y’ivyo, RWASA aboneraho kwibutsa ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC ko ariryo rishinzwe ahanini kwitaho ibijanye na demokarasi muri kano karere . Kuri ubwo rero, Abicishije mw’ico kinyamakuru, Agathon RWASA ahamagarira ahanini indongozi za EAC ko zari zikwiye kubwira uwurongoye uburundi ko uburundi Atari icibare c’umugambwe CNDD-FDD ahubwo ari ubw’abarundi bose kandi bo mu migambwe yose. Gutyo rero, ati izina murundi wese afise uburenganzira bwo kubaho mu mwidegemvyo ata nkomanzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments