UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Cibitoke: Abasirikare batandatu barahagaritswe maze batanu muri bo barapfunzwe inyuma yo gutana mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare batandatu bakorera ku kirindiro kiri ahitwa mu Ruhagarika, komine Buganda mu ntara ya Cibitoke barahagaritswe maze batanu muri bo barapfungiwe mu gasho ka komisariya k’intara ya Cibitoke kuva kuwa 13 Nyakanga 2023. Ni inyuma yaho abo basirikare bataniye mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Nkuko dukesha iy’inkuru ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Abo basirikare n’abo mw’ikambi y’112 ikorera aho mu ntara ya Cibitoke. Bahagaritswe inyuma yaho batanye mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure mw’ako karere. «Imbonerakure zashaka gutwara inka zitari nke zizijana mu gihugu kibanyi ca Congo ziciye ku ruzi Rusizi. Niko guca rero abasirikare bacungeze umutekano hafi y’urwo ruzi babuza izo mbonerakure ko zijabuka imbere yuko barasa» Niko abanyagihugu begereye ahabereye iyo mishamirano babwiye Sos Médias Burundi.

Amasoko Sos Médias Burundi yahawe ava mu gisirikare mu ntara ya Cibitoke avuga ko «habaye ukwivuna».
«Ni umurwi w’abasuma ugizwe n’imbonerakure usanzwe ufasha abadandaza mu kwinjiza canke mu gusohora ibidandazwa mu buryo bwa forode niwo watanguye kurasa abasirikare basanzwe bacungera umutekano ku nkengera z’uruzi Rusizi» Niko ayo masoko mu gisirikare co mu Cibitoke yabwiye ikinyamakuru Sos Medias Burundi.

Mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira uwa 17 Nyakanga 2023, Umwe mw’abo basirikare 6 bapfunzwe yahavuye atoroka nkuko vyemezwa na bamwe mu barongoye ako kasho ka komisariya ko mu ntara ya Cibitoke. Umushikirizamanza mukuru wo mu ntara ya Cibitoke amenyesha ko haza hariko hakorwa amatohoza ariko nta vyinshi yashimye kugira ico avuze kw’ivyo vyabaye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments