Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yaraye aburiye ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko niyo bateremera uburusiya ngo buhagarike intambara mu gihugu ca Ukraine, Ubwigenge bw’ibihugu vyose kw’isi buboneka ko iki gihe buri mu kaga. Joe Biden yabitangaje kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca New-york ahariko habera inama ya 78 ihuza abarongoye ibihugu biri mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Iryo jambo rya perezida Biden yarishikirije mu gihe haciye amezi 18 uburusiya butanguje intambara mu gihugu ca Ukraine, aho uburusiya bwatanze insiguro kw’iyo ntambara ko buriko bubuza Ukraine kwiyegereza Amerika n’abagenzi bayo bari bagamije kugirira nabi Uburusiya.
Umukuru w’igihugu ca Amerika akaba yavuze ko ibihugu vyose bikwiriye guhaguruka bikatera ivyatsi uburusiya kuko niyo bitagenza gutyo, ngo navyo ejo bizoba biri mu kaga. Joe Biden yagite ati :«Uburusiya bwibaza ko amakungu agiye kudebukirwa maze abureke bubandanye butera Ukraine ata nkwirikizi».
Mw’iyo nama iriko ibera I New-york, Perezida Joe Biden yarongeye arasigura ukuntu igihugu ciwe arongoye cabaye ica mbere mu gufasha mu vya gisirikare ingabo za Ukraine ziri ku rugamba kubera ko uburusiya aribwo bwatanguje intambara ko aribwo bufise ubushobozi bwo kuyirangiza.
«Tutegerezwa kurwanya aka kaga k’intambara uburusiya bwateje kugira duhe isomo n’abandi boba bafise agatima nk’ako ejo hazoza» Niko Joe Biden yongeye kuvuga.
Recent Comments