UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ingendo nyishi zikorwa mu mahanga na Perezida Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe zirakenewe iki gihe uburundi n’abarundi bari mu bukene butagira izina?

UBM News ads

Kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka wa 2020, Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ariko akora ingendo nyishi mu bindi bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Bamwe mu barundi barakengurutse cane kuba Perezida Ndayishimiye yashoboye gukura uburundi aho bwari bwiyugaranye kuva mu 2015 inyuma yaho mugenzi we yasubiriye umuhisi Perezida Nkurunziza yahavuye ahagarika ingendo zose mu bindi bihugu inyuma ya ‘coup d’Etat’ yari yakorewe kuwa 13 Rusama 2015 maze iraburizwamwo. Ibiro vy’umukuru w’igihugu ahari iki gihe vyarashizeho ibiro vy’urwego rw’umutambukanyi wiwe bazokorana ndetse urwo rwego rukaba rwandikiwe amahera atari make ruzoza rurakoresha imigambi buri mwaka.Ka ndundura, Angeline Ndayishimiye amaze imisi nawene akora ingendo nyishi mu bihugu bitari bike vyo kw’isi, aho amafaranga akoreshwa nawe n’ababa bamuherekeje mw’izo ngendo ari umurengera.

Twikoze k’umwe mu bahinga yize ivy’imigenderanire n’ayandi makungu asanzwe yigisha mu ma kaminuza atandukanye yo mu Burundi ariko atashimye ko tumuvuga izina ku mvo z’umutekano wiwe agira ati :«Nukuri naje ndi mu bashima cane kuba Perezida Ndayishimiye yagiye asubiza itoto uburundi mu kugira busubire kuja ahabona mu makungu. Aha turavuga nko kwitabira amanama mpuzamakungu ndetse akanashikiriza ijambo. Ariko ico tutahurizako rero, hariho ingendo zimwe zimwe yoretse kuza aritaba akaraba abandi atuma kuko amahera akoreshwa n’Umukuru w’igihugu n’abo barikumwe mw’izo ngendo si co kimwe n’ayokoreshwa n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’ayandi makungu. Ikindi, ndabona bitari bikenewe ko Ndayishimiye yokwama ajana n’umutambukanyi wiwe mw’izo ngendo z’akazi kuko nahone amafaranga ava mw’ikori ry’umurundi arahahonera cane»

Uwundi murundi atuye mu gisagara ca Bruxelles mu bubirigi, wewe ntarya umunwa mu kuvuga ko ingendo zimaze igihe zikorwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi hamwe n’umutambukanyi wiwe ataco zazaniye umusasuro ku Burundi ko ahubwo ubukene n’inzara bitera vyiyongera mu barundi. Agira ati :« Ingendo nkizo ndabona ahubwo zari zikwiye gufutwa kuko mu vyegeranyo biguma bisohorwa ku Burundi n’amashirahamwe mpuzamakungu biguma bishira igihugu cacu mu mwanya wa mbere w’ibihugu bikenye kw’isi. Nka zirya miriyoni zikoreshwa mu rugendo rumwe gusa ntizosahiriza cane mu gisata c’uburimyi canke zigahabwamwo akazi urwaruka rushomereye muhira? Nsabe Perezida Ndayishimiye arabire akarorero ka mugenzi we umuhisi perezida John Pombe Maghufuli yayoboye Tanzaniye aho yafashe ingingo yo guhagarika ingendo zo mu bindi bihugu kuko yabona ko zitwara amafaranga menshi cane y’igihugu maze ahitamwo kurwiza ibikorwa vy’iterambere. Ndavye uburundi n’abarundi ubukene barimwo, izo ngendo nazone zije gusongera isibe»

Umwe mu barundi asanzwe akwirikiranira hagufi ibibera mu Burundi, Pacifique Nininahazwe amenyesha ko hagati y’igenekerezo rya 8 Ruheshi n’irya 17 Nyakanga 2023, Perezida Ndayishimiye amaze gukora ingendo 9 mu bihugu 11, ni ukuvuga ko mu kiringo c’imisi 100, azoba amaze kumara imisi 34 mu mahanga. Nayo umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye mw’ico kiringo azoba amaze gukora ingendo 7 mu bihugu 7. Mu misi 100, azoba amaze imisi 41 mu mahanga.
Tubamenyeshe ko mu mafaranga Leta y’uburundi izokoresha mw’uy’umwaka wa 2023 ushira uwa 2024, amafaranga y’ingendo z’umukuru w’igihugu yarwijweko kabiri. Ni ukuvuga ko yavuye ku miriyoni 800 ashirwa ku mumiriyaridi n’imiriyoni amajana indwi. Mw’iki gihe kandi, Abarundi bariko basemerera ko ubuzima butera bwanka cane kubera ko ibintu vyankenerwa vyose vyaraduze mu masoko ibindi bikaza birabura canke bikaboneka nabi, aha turavuga nk’isukari ya SOSUMO, ibitoro, ibinyobwa vya BRARUDI , n’ibindi,…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments