UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amazi y-ikiyaga Tanganyika yamaze gushwara ikivuko ca Bujumbura,umutwe w-ubutunzi bw-igihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Murugendo yakoze uno musi ku kivuko ca Bujumbura, umushikiranganji w-ubudandaji ,amahinguriro n-ingenzi Immacule Ndabaneze yamenyesheje ko atagikozwe ibara rirarwa m-umwanya muto ku kivuko ca Bujumbura, kifatwa nk-umutwe w-ubutunzi bw-igihugu c-uburundi.Lake Tanjanika – Shipping, trade logistics and development

Immacule Ndabaneze yaburiye abakorera mw-ico kivuko ko hasigaye isantimetero 50 kugira amazi y-ikiyaga ca Tanganyika ashware ikibanza kikomeye kishikiramwo ibidandazwa biba bivuye hanze y-igihugu.

Nk-umuti wihuta kw-ico kibazo, uwo mushikiranganji yamenyesheje ko amafaranga y-amarundi agera ku miriyaridi zibiri niyo akenewe vyihuta kugira ikivuko ca Bujumbura kikingirwe iduga ry-amazi y-ikiyaga ca Tanganyika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments