Igitigiri c’abarundi bakeneye imfashanyo gitera congerekana mu Burundi. Ishirahamwe mpuzamakungu OCHA rivuga ko ikibituma ari ibiciro biguma biduga ukwo bukeye uko bwije. Ivyo rero bikaba vyatumye amashirahamwe y’abagiraneza asanzwe afasha kiremwa muntu asubiramwo integuro y’amafaranga kugira ashobore kwitaho abarundi barenga ibihumbi 500 biyongereye ku bari bategekanijwe ku nteguro y’umwaka wa 2023.
Ubutunzi bwarakozweko n’iduga ry’ibiciro rirengeje. Uko niko ishirahamwe mpuzamakungu OCHA ryishinze gukurikirana ivy’imfashanyo rivyandika mu cegeranyo caryo co kuwa mbere Myandagaro 2023.Nkuko tubisanga mw’ico cegeranyo, Ibiharo vy’ikigo kijejwe ibiharuro kivuga ko iduga ry’ibiciro mu kwezi kwa Rusama 2023 ryari kuri 28,9 kw’ijana mu gihe ryari kuri 26,6 kw’ijana muri Kigarama mu mpera z’umwaka wa 2022. Ku bijanye n’ibiciro vy’ibifungurwa n’ibinyobwa, vyari vyaduze kugeza ku rugero rwa 40,9 kw’ijana.
Kubwa OCHA rero, iryo duga ry’ibiciro ku bifungurwa ryo kuva mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2022, rituma abantu badashobora kugura ibifungurwa, ivyo bikaba vyatumye ibitigiri vy’abanyagihugu bari mu gice ca gatatu ni ukuvuga abari mw’ihungabana kubera ukubura ibifungurwa hamwe n’abari mu gice ca kane ni ukuvuga abo kabaye bakeneye vyihuta kuhabwa imfashanyo z’ibifungurwa biyongereyeko ku ncuro z’ibiri bari bakeneye vyihuta guhabwa imfashanyo z’ibifungurwa mu 2022 biyongereyeko incuro zibiri. uy’umwaka wa 2023 bangana imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atatu , ni ukuvuga 19 kw’ijana. Mu gihe mu 2022, bangana umumiriyoni umwe n’ibihumbi amajana abiri, ni ukuvuga ibice 10 kw’ijana vy’abarundi bose.
Kugira rero bashobore guhangana n’iryo yongerekana, amashirahamwe y’abagiraneza yasanze bikenewe ko integuro y’amafaranga muri uyu mwaka wa 2023 ihindurwa . Integuro yubu rero ikaba izoba igenewe gufasha abantu umumiriyoni umwe n’ibihumbi amajana atandatu aho kuba umumiriyoni n’ibihumbi ijana nkuko vyagenze mu ntango y’integuro y’amafaranga ni ukuvuga ko hiyongereyeko abantu ibihumbi amajana atanu.
Recent Comments