UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CIBITOKE: Abantu 600 basanze baranduye COVID-19 mu kiringo c-indwi imwe gusa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu bantu 800 bari bipimishije, Abangana 600 nibo batoweko umugera wa Covid-19  mu ntara ya Cibitoke  guhera kw-igenekerezo rya 13 Kigarama gushika kurya 20 kigarama 2021. Ivyo bipimo bikaba vyatumye bitera ubwoba n-amakenga umurwi wari warungitswe mw-iyo ntara muri ico gikorwa co gupima uwo mugera.Burundi: Gahunda zo gukingira Covid zatangiye, abakingirwa basinyira ko  babyemeye - BBC News Gahuza

«Birateye amakenga cane . Nkuko mubibona, ni hafi abantu nka bose bamaze kwandura. Ntitwari twiteze ko umusi umwe twoshikana ibitigiri nk-ibi vy-abanduye» Bivurwa n-abaforoma barungitswe mu gikorwa co gupima uwo mugera bavuganye n-ikinyamakuru Sos Medias Burundi.

Abari mw-ico gikorwa bamenyesha ko ibikoresho vyo gupima bihera ningoga kandi ko bakeneye kuronswa ibikoresho basanzwe bakoresha ku bwinshi  kugira babandanye gupima igitigiri c-abantu badahengeshanya kuguma baza ari benshi. Abasanzwe bakorera  mu gisata c-ubuvuzi bo ngaho mu ntara ya Cibitoke bashira ahabona itunganywa ry-igikorwa ritabereye mu kurwanya ico kiza.

«Turatahura ko ibibanza bidakwiye vyo kwugaraniramwo abantu banduye  ku bitaro , ariko hari hakwiye gushirwaho imirwi y-abajejwe amagara y-abantu iza iragendagenda  gukwirikiranira abarwaye  mu mihana iwabo. Iyo bagiye iwabo  ntibiyugarana  kuko baguma bagendera mu bandi nkuko umenga ntacigeze kandi bakaba bariko baranduza abandi» uko niko bidoga bavuga.

Abarongoye intwaro hamwe n-ubuvuzi bahamagarira abantu kwubahiriza ingingo zafashwe zo kurwanya irandagata ry-umugera wa Covid-19. Abarwayi nabo basabwa kuguma biyugaraniye mu mihana iwabo  mu gihe cose co gufata imiti kugira birinde kwandukiza abandi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments