Kuva mu mwaka w-2022, Urwaruka rw-uburundi rugiye kuronswa inyigisho zo gukunda igihugu hamwe no kugikorera biciye mu kukirwanira ivyo bise mu rurimi rw-igifaransa «Service patriotique volontaire». Ico gikorwa kikazoba gihagarikiwe n-urwego rwo kw-ivuna abansi. Bikaba vyatangajwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye igihe yariko yipfurizwa n-inzego zo kwivuna abansi, umutekano hamwe n-iperereza.
Mw-ijambo ryiwe, Perezida Ndayishimiye yavuze uku:«Muri uy-umwaka utangura rero, urwaruka ni rube rurikazanura tugire tuje mu bikorwa. Nico gituma mwebwe mujejwe umutekano na cane cane urwego rwo kwivuna abansi, mwokwitegurira kumenyereza urwo rwaruka ibikorwa vyo gukunda igihugu no ku gikorera . Ni mwebwe twabonye ko tuzoshinga ico gikorwa co gukunda igihugu n-ukugikorera»
Tubamenyeshe ko uwo mugambi wa Leta wo gukundisha igihugu urwaruka hamwe no kugikorera biciye mu nyigisho za gisirikare waheruka gutangazwa n-umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD, Reveriyano Ndikuriyo hari mu masengesho yama yatunganijwe n-uwo mugambwe buri musi wa kane urangiza ukwezi hari kw-igenekerezo rya 30 Nyakanga 2021.





Recent Comments